Ubufarasna butora itegeko rirwanya iterabwoba

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Imyiyerekano yo kurwanya itegeko rishaka gutorwa rirwanya iterabwoba.

Iyo nteguro y' itegeko rishasha yemera ko haba kugenzura mu buryo bwagutse, uburyo bw'itumatumanako, bagakurikirana abo biketse, bakanafata abo babona bashobora kuja mu bikorwa vy'iterabwoba.

Iyo nteguro y'itegeko ije mu gihe haheze amezi ane, habaye ibitero mu muji wa Paris, ku kigo c'iyandikiro ry' ikinyamakuru Charlie Hebdo n'imangazini ikunda gusumiramwo Abayahudi.

Leta ivuga ko iryo tegeko rikenewe kugirango rifatire ku mahinduka ajanye n'iterambere ryo gutumatumanako.

Abarinegura bavuga ko rishobora gutuma abarikoresha binjira mu buzima bwite bw'abanyagihugu.