Abategetsi b'Uburundi bagiye kwamira ubwicanyi

Image caption Umuntu yaketswe ko ari imbonerakure, yatabawe n'abasirikare

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yari kumwe n'uwujejwe umutekano, uwo kwivun'abansi ndetse n'uwujejwe imigenderanire aho muri komine Nyakabiga, aho umuntu yaketswe ko ari imbonerakure yishwe agaturirwa.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, yibukije abanyagihugu ko bakwiye kuguma bafatanye mu nda n'ubwo bari mu bihe bigoye, ahoza umuryango wabuze n'abandi bose bariko babura ababo muri bino bihe.

Edouard Nduwimana avuga ko ivyabaye mu Nyakabiga ataho bihuriye n'imyiyerekano yahamagajwe, kandi ko abo aribo bose bakwiye kwibuka ko hari ibidakorwa.

Hagat'aho ishirahamwe ry'Ubumwe bwa Afrika rigabisha ko ibihe biri mu Burundi bitari ibihe vyo gutunganyamwo amatora.

Umukuru w'Ubumwe bwa Afrika, Nkosazana Dlamini Zuma, yavuze ko atabona ukuntu amatora ateganijwe ashobora kuba hari abanyagihugu bariko barahunga.

Aho ni mu gihe uno munsi mu murwa mukuru Bujumbura hapfuye abantu batatu, n'uwundi yaguye i Gisozi mu ntara ya Mwaro.

Umunyamakuru wa BBC avuga ko hari umusore yishwe atewe grenade, bigakekwa ko yatewe n'imbonerakure.

Avuga ko ikirwi c'abantu baciye bafata uwundi baketse ko ari imbonerakure mugenzi we baramwica.