Perezida Nkurunziza yiyandikishije

Image caption Perezida Nkurunziza imbere y'umurwi ujejwe gutunganya aamtora mu Burundi CENI

Perezida Nkurunziza yatanze iyo kandidatire yiwe hejuru y'abamaze igihe bamutera akamo ngo ahebe guhiganirwa ikiringo ca gatatu.

Abatavuga rumwe na leta bavuga ko kwitoza kwiwe guteye kubiri n'ibwirizwa nshingiro.

Ariko mu ntango z'iyi ndwi, sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeje ko ashobora kwitoza.

Iyo sentare yemeje ko ikiringo ca mbere ca perezida Nkurunziza kidakwiye guharurwa kuko yatowe n'inama nshingamateka.

Abatavuga rumwe na leta bemeza ko abantu bari mu myiyerekano batari munsi ya 17 bamaze kwicwa muri izi ndwi zibiri ziheze, mu mishamirano hagati yabo n'igipolisi.