Yajanywe muri Espagne mu muzigo

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Ivarisi yahishemwo umwana w'imyaka 8

Abategetsi bo muri Espagne bavuga ko umuhungu w'imyaka umunani, yinjijwe muri ico gihugu anyegejwe mu ivarisi.

Uwo muhungu yitwa Abou, yatowe ejo ku munsi wa kane mu muzigo wari utwawe n'umugore w'imyaka 19 aja Ceuta, agace ka Espagne kari ku nkengera za Maroc.

Umuvugizi w'igisata kijejwe kubahiriza amategeko muri Espagne Guardia Civil, avuga ko uwo mwana yari amerewe nabi cane.

Uwo muhungu aturuka muri Cote d'Ivoire yaciye ashirwa mu minwe y'abategetsi ba Ceuta.

Ikinyamakuru ca Espagne El Pais, kivuga ko uwo mugore ata sano afitanye namba n'uwo mwana.

Uwufise ububasha kw’isanamu guardiacivl
Image caption Yafashwe n'icuma ca Xray

Ngo yoba yameye gushira uwo mwana mu muzigo wiwe ahawe amafaranga na se w'umwana.

Ico kinyamakuru kivuga ko uwo mugabo, se w'umwana, yoba aba mu mazinga ya Canaries, akaba yashaka ko amusangayo.

Yahavuye afatwa n'abajejwe umuteknao atarahura n'umuhungu wiwe.

Ibihengeri ku mbibe

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uruzitiro ruri ku rugabano rwa Ceuta, Melilla na Maroc

Ceuta na Melilla, uturere tubiri tuzengurutswe n'amazi, tugaburwa n'igihugu ca Maroc n'imbibe ziziztiye, zipima metero zitandatu, ariko zikunze kurirwa n'abimukira bo mu kinyegero baturutse muri Afrika.

Mu kwezi kwa kabiri umwaka uheze, abimukira baharurwa mu majana bateye urwo ruzitiro rwa Melilla.

Mu munsi umwe gusa, hafi 100 muri bo barashoboye kwinjira muri Melilla.