Cameron yatsinze amatora mu Bwongereza

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umushikiranganji wa mbere David Cameron

Umugambwe w'aba Conservateurs" bigaragara ko watahukanye intsinzi, ku buryo ushobora kuyobora leta wonyene, utarinze kwiyunga nk'uko wabigenje muri leta iheruka.

Umugambwe w'aba "Liberal Democrates " wari kumwe nabo muri leta ubushize, wo watakaje intebe nyinshi.

Umukuru wawo Nick Clegg yamaze gutanga imihoho.

Umugambwe " Scotish National Party" uharanira ubwigenge bwa Ecosse, watwaye amajwi nka yose muri ico gice ca Ecosse, aho ari intebe zitatu zonyene zagiye ku yindi migambwe.

"Labour Party", kizigenza mu migambwe itavuga rumwe na leta watakaje amajwi menshi cane aho muri Ecosse, unanirwa no kwongera amajwi mu gice co amaja epfo, muri Engleterre.

BBC imaze kumenya ko umukuru w'uwo mugambwe, Ed Miliband nawe nyene amaze gutangaza ko atanze imihoho.

Mu butumwa yanditse kuri twitter, yavuze ko yemanze uruhara rwiwe muri ukwo gutakaza amajwi kwa Labour.