ICC ngo ikwirikiranira hafi ibiba mu Burundi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Fatou Bensouda, umushikirizamanza mukuru wa wa ICC

Fatou Bensouda avuga ko atewe umwitwarariko ko n'ubugizi bwa nabi buri mu Burundi bushobora kwiyongera, kandi ko umurwi wiwe uriko ukirikirana ibiba n'aboba bariko barakokeza.

Mu Burundi hamaze igihe imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca perezida Pierre Nkurunziza.

Abanegura ingingo yiwe yo gushaka kwitoza bavuga ko idahuye n'amategeko, n'ubwo sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yavuze ko bikwiye.

Urunani rw'imirwi n'imigambwe irwanya ko yitoza, rwatangaje ko imyiyerekano izohagarara gatoya ku munsi wa gatandatu.

Abarundi baharurwa mu bihumbi baramaze guhunga igihugu batinya intambara.

Hagat'aho leta zunze Ubumwe za Amerika zimenyesha ko zishobora gufatira ibihano uwariwe wese mu Burundi, yoba afise uruhara mu bugizi bwa nabi buriko bukorwa abari mu myiyerekano.

Avugana n'abanyamakuru inyuma y'umubonano wo mw'ibanga w'akanama ka ONU kajejwe umutekano, uhagarariye Leta zunze ubumwe za Amerika Samantha Power, yavuze ko ikigaragara ari uko ibiriko biraba mu Burundi vyatewe no kubura ubutungane ataho bwegamiye.

Yavuze ko Amerika iriko irakurikiranira hafi ibibera mu Burundi kandi ko yiteguye gufatira ibihano abantu ku giti cabo, baba abategura canke abagira uruhara mu bugizi bwa nabi bwakwiye igihugu.