Burundi: Amahanga akomeje gufasha u Burundi

Amahanga arashaka gufasha u Burundi
Image caption Amahanga akomeje gufasha u Burundi

Kuva hatanguye imyiyerekano ivuye ku mpari zerekeye ugusubira kwitoza k’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza, intumwa ziserukira amakungu zirabandanya kuza mu Burundi gusukamwo mabisi, kugira ibintu bisubire mu buryo n’amatora yimirije abe mu mutekano kandi akurikije amategeko.

Hagati aho kuri uyu wa gatatu ni ho hategekanijwe inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu buseruko bwa Afrika izokwiga ku kibazo c’Uburundi, akaba ari na ho hitezwe inyishu ku mpande zose zishamiranye zipfa ikiringo bamwe bavuga ko ari ica 2 abandi ica 3 c’umukuru w’igihugu Pierre Nkurunziza.

Intumwa y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Onu, Said Djinnit amaze indwi zibiri ari ngaha mu Burundi abonana n’impande zose zifise uruhara mu matati y’ikiringo kindi c’umukuru w’igihugu bamwe bavuga ko ari ica 2 abandi ica gatatu, akaba mbere yaragize n’uruhara mu biganiro vyahuje abaserukira imigambwe itavuga rumwe na reta n’uwuri ku butegetsi, abaserukira amadini n’abahoze batwara Uburundi vyashitse ku mwumvikano wo kwiyamiriza ubugizi bwa nabi no kuvuga amajambo ahumuriza.

Hari kandi n’uwuserukira ibihugu vya buraya mu karere k’ibiyaga binini, Koen Vervaeke, akaba yaraye agiranye inama n’abaserukira reta y’uburundi ari kumwe n’abaserukira Ubusuisse na reta zunze ubumwe bwa Amerika.

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afika na ryo nyene ryararungitse intumwa zirongowe n’uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ubu zimaze kumaze kugiriranira imibonano n’umukuru w’igihugu, umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD, iyitavuga rumwe na reta n’amashirahamwe ata ho yegamiye muri politike bari mubahamagaje imyiyerekano igeze ku ndwi igira gatatu hamwe rero n’abarongoye ibimenyeshamakuru.

Ayo makungu, kandi uko agenda abonana n’impande zose ni ko bamwe batanguye gusaba ko amatora yokwigizwa inyuma, hakaba n’ibihugu bimaze kumenyesha ko bibaye birahagaritse imfashanyo y’amahera yo gutunganya amatora, vyari vyemeye.

Aha umuntu akaba yovuga Ububiligi, Ubuholande n’Ubusuwisi.

Mu gihe hasigaye indwi zibiri ngo hatangure amatora yo gusubiriza inzego zitandukanye ziriko zirarangiza ibiringo vyazo, hitezwe n’izindi ntumwa zo guhagarikira amatora, harimwo n’izo mu kigo ca Jimmy Carter co muri reta zunze ubumwe bwa Amerika.

Ariko gushika ubu ko amatora azoba canke atazoba, ko azobera ku gihe canke akigizwa inyuma, ko Prezida Pierre Nkurunziza aja mu bitoza canke agondozwa n’imyiyerekano iriko irabera mu gisagara ca Bujumbura, inyishu izova mu nama itegekanijwe kubera I Dar Es Salaam ku mugwa mukuru w’igihugu ca Tanzania izohuza abakuru b’ibihugu bisangiye ishirahamwe ry’ubuseruko bwa Afrika.

Mu biro vy’umukuru w’igihugu bakaba bamaze kumenyesha ko Prezida Nkurunziza azitaba iyo nama.