Iraq: I S yigaruriye umujyi wa Ramadi

Umujyi wa Ramadi wafashwe na I S Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umujyi wa Ramadi wafashwe na I S

Impirimbanyi zo mu mutwe wa kiyisilamu wa Islamic State ziragaragara ko zigiye kwigarurira umujyi wose wa Ramadi muri Iraq.

Izo mpirimbanyi zakoresheje ibitero byo gutega ibisasu by'abiyahuzi mu modoka kugirango zishobora kwinjira mu birindiro bikuru by'ingabo za leta.

Ubu ibendera ry'umukara ry'uwo mutwe niryo rimanitse ku biro bikuru by'igipolisi.

Abashinzwe umutekano nabo ngo bagotewe mu nzu. Islamic State yarimaze igihe kininiyarigaruriye igice kinini cya Ramadi kiri mu burengerazuba bw'umurwa mukuru wa Baghdad.

Ariko niba bashoboye kwigarurira umujyi wa Ramadi usanzwe ari umujyi mukuru w'intara ya Anbar, ibi bigaragaje itsindwa ku rugamba rikomeye ry'ingabo za leta ya Iraq.