Abarwanyi b'abashia bageze hafi ya Ramadi

Ingabo za Leta ziterwa inkunga n'abarwanyi b'abashia. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ingabo za Leta ziterwa inkunga n'abarwanyi b'abashia.

Umurongo w'imodoka z'abarwanyi bo mu mitwe y'abashia yitwaje intwaro boherejwe na leta bageze ku kigo cya gisirikare kiri hafi y'umujyi wa Ramadi wigaruriwe n'intagondwa zo mu mutwe wa Leta ya Kiyislamu.

Leta ya Irak yizeye ko abo barwanyi yohereje bagera ku bihumbi bitatu bazayifasha mu kwisubiza uwo mujyi.

Abarwanyi b'abashia - bafite aho bahuriye na Iran - mu minsi yashize bagize uruhare rukomeye mu gufasha ingabo za leta ya Irak mu kwisubiza uduce twari twarafashwe n'umutwe wa Leta ya Kiyisilamu.

Ariko abanyamakuru bari muri ako karere baravuga ko leta yakomeje gushidikanya kubakoresha mu mujyi wa Ramadi wiganjemo abayisilamu b'abasuni kubera gutinya ko bishobora gutuma havuga umwuka mubi ushingiye ku madini.