Itangazamakuru mpuzamakungu rigomba kwisunga amategeko

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Richard Giramahoro, umuyobozi w'urwego CNC

CNC yasavye abakorera ivyo binyamakuru, ko mu kurangurira ibikorwa vyabo mu Burundi bobanza gusaba uburenganzira kandi bagakora inkuru z'imyiyerekano ariko batirengagije n'ibibera ahatari iyo myiyerekano.

Na cane cane imyiyamamazo y'imigambwe mu kwitegurira amatora y'abahanuzi b'amakomine n'abashingamateka. Muri iyo nama yari yatumiwemwo abamenyeshamakuru b'abarundi bakorera ibinyamakuru mpuzamakungu hamwe n'abaje bavuye mu bindi bihugu gukurikirana amatora, Richard Giramahoro, arongoye urwego rujejwe kugenzura ibimenyeshamakuru,yavuze ko hari abamenyeshamakuru bariko barakorera mu Burundi kandi ata burenganzira basavye.

Atadomyeko urutoke, aca abasaba kwisunga amategeko vuba. Uwo arongoye CNC kandi yagirije ivyo bimenyeshamakuru ko vyibanda gusa gukora inkuru z'imyiyerekano, akabisaba gukora n'ibindi bintu biri ahatabera iyo myiyerekano, nk'imyiyerekano. Aha, abamenyeshamakuru bavuze ko inkuru bavuga baba bazitohoje neza, kandi ko kuba bavuga cane imyiyerekano ari uko haba mu baserukira ibihugu vyabo canke mu mashirahamwe mpuzamakungu, ngo nta kindi kiyarwa atari imidurumbanyo iri mu Burundi muri kino gihe.

Ngo kandi noneho na vyo nyene bijanye n'amatora. Urwego rugenzura ibimenyeshamakuru mu Burundi kandi, rwagirije abamenyeshamakuru bakorera amaradio mpuzamakungu ko baja hagati y'abagira imyiyerekano n'abajejwe umutekano, ngo gutyo bakabangamira akazi kabo.

Ico kibazo ariko cateye impari nyinshi kuko Richard Giramahoro ntiyashoboye kwerekana neza uko abo bamenyeshamakuru bategerezwa guhagarara mu gihe c'imyiyamamazo, kugira ntihagire uwo batera ingorane. Yasavye ariko ko impande zose zihanganye zokubahiriza abamenyeshamakuru. Kuva aho amwe mu maradio yigenga atuririwe n'abagizi ba nabi, abanyagihugu ntibakironka inkuru umwanya ku mwanya. Basigaye gusa bumviriza ibimenyeshamakuru mpuzamakungu, vyinshi muri vyo bitanga inkuru mu ndimi abarundi benshi batumva.

Abategetsi b'Uburundi bakaba bamaze imisi bavuga ko, muri iki gihe c'amatora bipfuza ko ayo maradiyo yosubira gukora mu maguru masha nk'uko banyeneyo bavyipfuza.

Ariko ngo habanje kuba amatohoza y'abakoze iryo bara, kandi bakabihanirwa.