Cholera irageramiye abarundi bahungiye muri Tanzania

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption ONU yizigiye ko igiye kuvana izo mpunzi i Kagunga aho nyinshi zishikira

ONU ivuga ko impunzi zigera hafi kuri 400 buri munsi zandura indwara ya cholera mu barundi bahungiye muri Tanzania.

Abarundi baharurwa mu bihumbi bamaze guhungira muri ico gihugu kubera icuka ca politiki kitameze neza mu Burundi.

Ngo aho bari babayeho mu buryo bubi.

ONU ivuga ko abagera ku 3000 kugeza ubu aribo bamaze kwandura iyo ndwara.

Abarenga 30 muri bo ngo imaze kubahitana.

No ku ruhande rw'Uburundi mu karere ka Nyanzalac hegeranye n'umupaka wa Tanzania hari amakenga ko iyo ndwara ya cholera ishobora kuba imaze kuhaduka.

Muganga Dorothee Ntakirutimana wo muri UNICEF Burundi yabwiye BBC ko mu ndwi imwe abantu barenga 20 berekanye ibimenyetso vya cholera: gucibwamwo cane hamwe n'umwumira(deshydratation).

Ibipimo vyarafashwe kuri bamwe mu berekanye ivyo bimenyetse kugira hasuzumwe niba koko ari indwara ya cholera. Muganga Ntakirutimana yavuze ko Inyishu ifata nk'iminsi itatu kugira iboneke.

Image caption Muri Tanzania honyene hamaze guhungira abarundi barenga 64.000

Nanone kuri ico kibazo c'abarundi bahunga, ishami rya ONU ryita ku mpunzi HCR nabo bakorana 17 basavye amakungu kubaha imfashanyo igera kuri miliyoni 207 z'amadolari y'Amerika yo gutabara impunzi z'abarundi ziriko guhungira mu bihugu bibanyi.

HCR ivuga ko ayo mafaranga ari ikigereranyo c'ivyo bibaza bizoba mu mezi 6 ari imbere kubera umuvuduko w'impunzi z'abarundi babona ziriko guhungira muri Tanzania, mu Rwanda no muri Repubulika Iharanira Demokarasi ya Congo.