Amatora muri Irlande yemeza kwubakana ku basangiye igitsina

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Abantu benshi baciye batangura kunezerwa Dublin Castle bamenye ivyavuye mu matora

Amatora ya kamarampaka(referendum) yasanze abanye Irlande 62 kw'ijana bashigikiye ko ibwirizwa nshingiro ryohindurwa kugirango hashirwemwo ingingo iha uburenganzira abasangiye igitsina kwubakana biciye mu mategeko.

Ubugeni bwa mbere burashobora kuba mu ntango z'ukwezi kw'icenda.

Muri ico gihugu ciganjemwo aba Kristu b'aba Katolika, umwe mu barongoye Eklezia yavuze ko yokwisuzuma ifatiye ku buryo ibuntu vyifashe inyuma y'ayo matora.

Diamuid Martin, musenyeri mukuru wa Dublin, yavuze ko Eklezia muri Irlande ikeneye gusubira kwiyegereza abakiri bato.

Abantu barenga milioni 3.2 babajijwe niba bashaka ko ibwirizwa nshingiro rihindurwa kugirango abagabo n'abagore bemererwe kwubakana n'abagabo canke abagore nka bo..

Ayo matora yitabwe n'abantu benshi mu buryo budasanzwe.

Republika ya Irlande kibaye igihugu ca mbere cemeje ukwubakana ku basangiye igitsina biciye mu matora y'abanyagihugu.