Umubikira ku rutonde rw'abahimbazwa muri Kenya

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasenyeri bari bitavye ibirori vyo gushira Irene Stefani ku rutonde rw'abahimbazwa

Irene Stefani yafashije abakomeretse muri Africa y'Ubuseruko mu ntambara ya mbere y'isi imbere y'uko apfa ahitanywe n'indwara y'akaranda mu 1930.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi bitavye ibirori vyo kumushira ku rutonde rw'abahimbazwa.

Ivyo birori vyabereye mu gisagara ca Nyeri.

Amabarabara ya Nyeri yari yuzuye abantu bitavye ivyo birori inyuma y'igiteramo c'ijoro ryose naco cari citabwe n'abantu ibihumbi n'ibihumbi.

Ibisigarira vyiwe bizoca bijanwa muri cathedrale y'igisagara ku wa mungu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Gabriella Guerini, wo mu muryango wa Stefani, yari yitavye ibirori vy'i Nyeri

Abakatolika bibaza ko uwo mubikira yagize igitangaro amaze gupfa mu 1989 aho abantu bahunga intambara muri Mozambique basenze bambaza izina ryiwe.

Bavuze ko amazi yaciye atemba ava imbere y'isengero gutyo abantu bari banyotewe baronka aamazi yo kunywa babandanya kubaho.

Uwundi yashizwe ku rutonde rw'abahimbazwa n'umusenyeri mukuru wo muri San Salvador, Oscar Romero. Niyo ntambwe ya nyuma imbere y'uko ashirwa ku rutonde rw'aberanda.

Musenyeri mukuru Romero yagandaguwe n'umugwi w'abantu b'abahezanguni b'i buryo (extreme droite) igihe yariko arasoma misa mu 1980 mu ntango z'intambara muri ico gihugu.