Ku myaka 65 yavyaye abana bane

Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Annegret Raunigk, ico gihe yari afise imyaka 55, yifotoje hamwe n'umwe mu bakobwa biwe mu 2005

Umugore w'umudagikazi w'imyaka 65 yavyaye abana bane inyuma yo gusama atewe imbuto (insemination artificielle), nk'uko vyatangajwe na television yo mu Budagi RTL.

Ivuga ko Annegret Raunigk yavyaye abahungu batatu n'umukobwa babanje kumubaga(cesarienne) mu bitaro vy'i Berlin ku wa kabiri.

Bavutse hataragera ku mayinga 26 ariko bafise ''amahigwe yo kubaho''.

Annegret Raunig-yari asanganywe abana 13 n'abazukuru 7-niwe mugore wa mbere kw'isi avyaye abana bane afise imyaka nk'iyo.

Gutwara inda ku myaka 65:igitangaro c'ubuganga

Uwo mgore ata mugabo bari kumwe bivugwa ko yafashe iyo ngingo yo kugerageza kuvyara uwundi mwana igihe umukobwa wiwe muto, ubu afise imyaka 10,yavuga ko yifuza kuronka murumunawe canke musazawe amukurikira.

Iyo nda ya Raunigk-yasamye inyuma yo gukurikiranwa n'abaganga muri Ukraine-yateye impari nyinshi mu Budagi , nk'uko bivugwa n'umumyamakuru wa BBC i Berlin Jenny Hill.

Igihe yari afise inda yavuze ko yemera ko umuntu wese ategerezwa kubaho ubuzima yifuza.

Bamubajije ko ata makenga afise, Raunigk yavuze ko yibaza ko azoguma ameze neza kandi afise amagara meza kandi ko atanezwe ivyo abandi bantu bibaza.

Bamwe mu bagnaga baribazjije nibqa umubiri wiwe wari gushobora gutwara abo bana.

Ariko uwo mugore w'umudagi w'umwigisha siwe mugore wa mbere w'imyaka myishi avyaye umwana- uwo muhigo ufiswe na Maria del Carmen Bousada Lara. Yavyaye amahasa muri Espagne mu 2006 afise imyaka 66.

Ariko ivyo hari abatavyemera bavuga ko uwa mbere yavye afise imyaka myinshi kuruta abandi ari Omkari Panwar , vyibazwa ko yari afise imyaka 70 igihe yavyara amahasa mu Buhindi mu 2008.