Burundi: ONU yiyamirije igandagurwa rya Zedi Feruzi

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu baje kuraba aho Feruzi yiciwe imbere y'imuhira iwe

ONU yiyamirije igandagurwa rya Zedi Feruzi , umukuru w'umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi mu Burundi, Union pour la Paix et le Developpement-UPD Zigamibanga- hamwe n'uwamucungerera ubuzima.

Bishwe ku wa gatandatu ku mugoroba imbere y'urugo rwa Feruzi.

Mw'itangazo ryashizwe ahabona n'umuvugizi wiwe, umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon avuga ko iryo gandagurwa, co kimwe na grenade zatewe ahahora isoko nkuru ya Bujumbura ku wa gatanu, zigahitana abantu babiri abandi benshi bagakomereka, bishobora kwongereza icuka co kwinubana no kwongereza izindi ntureka mu gihugu.

Ban Ki Moon asaba abategetsi b'uburundi gucira urubanza vyihuta abakoze ivyo vyaha, akanahoza imiryango y'ababuze.

Zedi Feruzi yashinguwe uno munsi mu gisagara ca Bujumbura.

Muri ico gitero hishwe kandi uwacungerera Feruzi umutekano, abandi bapolisi 2 barakomereka.

Uwundi muntu yariko arahita, umumenyeshamakuru wa Radio Bonesha FM, Jean-Baptiste Bireha, nawe nyene yarakomeretse.

Ku wa gatandatu no ku wa mungu ariko imyiyerekano yarahagaritswe kugira abantu baje gusuma bongere bashingure ababo bapfuye.

Ku wa gatanu abantu nibura babiri barishwe mu bitero vya grenade hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Ico cuka kirangwa mu Burundi kimaze gutuma abantu barenga 100.000 bahunga igihugu.

Ban Ki Moon asaba banyepolitike kubandanya ibiganiro mpanuzwajambo intumwa yiwe, Said Djinnit, yariko irakoresha mu Burundi ifashijwe n'ishirahamwe rya Africa, COMESA, EAC hamwe na CIRGL.

Asaba ababirimwo kudacibwa intege n'abashaka, bakoresheje ubwicanyi, kubuza ko haba icuka ziza c'amatora arangwa n'amahoro, yizigiwe kandi yitabwe na bose mu Burundi.