Umwumvikano ku bitoro muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Imiduga ni myishi ku ma stations atanga ibitoro

Abaranguza ibitoro muri Nigeria bavuga ko bashitse ku mwumvikano na leta uzotuma harangira ikena ry'ibitoro ryari rimaze ukwezi kurenga.

Uwo mwumvikano washitsweko inyuma y'ibiganiro na ministre ajejwe ikigega ca leta, nk'uko Danladi Fasali wo mw'ishirahamwe ry'abarondera amasoko y'ibitoro yabibwiye BBC.

Abarunguza ibitoro bari bahagaritse kubitanga bavuga ko leta ibaheraniye miliardi y'ama dallars.

Imirimo myinshi muri Nigeria yari yahagaze iyindi ikorwa nabi nabi kubera ikena ry'ibitoro igihugu kimazemwo igihe kirenga ukwezi.

Amabanki yagabanuye amasaha yo kwugurura, indege zasibijwe nayo ama kompanyi y'amatelephone ashobora kugabanya ivyo yahora akorera aba kiriya bayo.

Umugambwe w'umukuru w'igihugu yatowe Muhammadu Buhari wagirije leta yahahora ''gutoba'' mu kunanirwa no gutora inyishu y'ico kibazo.

Abaranguza ibitoro bamaze igihe batabitanga bavuga ko leta ibaheraniye miliyaridi 1 y'ama dollars.

Imwe mu mabanki, Guarantee Trust Bank , ivuga ko amashami yayo aja kwugara isaha 6 z'umurango mu gihe itegerezwa kurondera aha ivana ibitoro vy'imoteri zayo zitanga umuyagankuba.

Kugabanya amasaha yo gukora nico kimenyetso ca vuba c'ingaruka z'iryo bura ry'ibitoro.

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Hari imirongo miremire ku ma stations

Imirimo hamwe n'ingo nyinshi muri Nigeria zikora ku moteri zinywa ibitoro kugira zitange umuyagankuba kuko ibigo bijejwe kuwutanga bidakora neza.

Nigeria gisanzwe arico gihugu ca mbere muri Africa gifise ubutunzi bukomeye cane , ibura ry'ivyo bitoro rikaba ririko rirabusubiza imyuma nk'uko bivugwa n'umunyamakuru wa BBC , Will Ross i Lagos.

Atatu mu makompanyi ya telephone ngendanwa, MTN,Airtel na Etisalat, yagabishije ko ashobora kugabanya ivyo akorera aba kiriya bayo kuko biyagora kuronka ibitoro vyo gusuka mu moteri zayo.

N'imiduga mu mabarabara yagabanutse kuko menshi mu ma stations yahagaritse gutanga ibitoro, imirongo ikaba ari miremire ku yakibitanga.

N'amaradiyo yagabanuye umwanya w'ibiganiro, mbere amwe akaba atakivuga.

Umukuru w'igihugu yatowe Muhammadu Buhari azotangura amabanga yiwe ku wa gatanu, akaba ashikiye muri izo ngorane zikomeye.

Hari abibaza ko abakura ibitoro hanze n'ababicuruza mu gihugu bashaka ko leta yahahora igenda ibahaye amafaranga leta isanzwe iterera mu giciro c'ibitoro kuko batazi niba uwo mugambi uzobandanya mu gihe vyibazwa ko umukuru w'igihugu mushasha ashobora kuwuhagarika.

Nigeria kiri mu bihugu vyimbura ibitoro vyinshi kw'isi. Ariko kibanza kugura hanze ibitoro biyunguruye.