Izurwa ry'ibisigarira vya Thomas Sankara

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Abakunzi ba Sankara bashaka icemeza ko ariwe koko yahambwe aho hantu

Muri Burkina Faso hatanguye igikorwa co kuzura ivyibazwa ko ari ibisigarira vy'uwahoze ari umukuru wa Burkina Faso Thomas Sankara.

Bimaze kuzurwa bizoca bipimwa kugira bamenye umwidondoro wavyo.

Ivyo vyari bimaze imyaka bisabwa n'abakunda Sankara bashaka icemeza ko ivyo bisigarira ari ivyiwe koko.

Sankara,yabonwa nka Che Guevara wa Africa, yahambwe gihutihuti inyuma yo kwicwa amaze gutembagazwa ku butegetsi mu 1987.

Ariko ingene yishwe ntivyigeze bimenyekana neza, kuzura ibisigarira vyiwe rero bikaba bishobora gufasha kumenya ukuri.

Blaise Compaore niwe yari arongoye abatembagaje Sankara ku butegetsi akaba yagunye ahakana ko yagize uruhara mu kumwica, avuga ko ''ivyabaye bizwi'' kandi ko ''ata na kimwe afise co kunyegeza''.

Compaore yavuye ku butegetsi kubera umugumuko w'abanyagihugu mu kwezi kw'icumi mu mwaka uheze.

Igihe yari akiri ku butegetsi, sentare yaranse icifuzo c'umuryango wa Sankara c'uko ibisigarira vyiwe vyozurwa.

Ariko leta nshasha yavuze ko umuryango wa Sankara uzoronswa uburyo bwo kumenya umwidondoro w'ivyo bisigarira, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Uwufise ububasha kw’isanamu none

Abantu benshi bari bagiye ahariko harabera ico gikorwa co kuzura ibisigarira vya Sankara, ariko abajejwe umutekano ntibabaretse ngo bahegere, ukurikije ibivugwa n'abamenyeshamakuru.

Sankara yashitse ku butegetsi mu 1983 aca atwara igihugu imyaka ine imbere y'uko yicwa afise imyaka 37.