Abarundi bahunze ntibashika 100.000 nk'uko HCR yavyibaza

Image caption HCR ivuga ko abari bashikiye Kagunga yasanze ari 35.000

Ishami rya ONU riraba impunzi HCR rivuga ko abarundi bamaze guhunga igihugu muri iyi minsi iheze ari 74.000 badashika 100.000 nk'uko ryavyibaza ubwa mbere.

Abo n'abari mu bihugu bibanyi vya Tanzania, Urwanda na Republika iharanira Demokrasi ya Congo.

Umuvugizi wa HCR i Geneve Karin de Gruijl avuga ko icatumye ico gitigiri kigabanuka ari uko basanze igitigiri c'abamaze guhungira muri Tanzania kitangana uko bari bavyibajije.

Karin de Gruijl yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: ''mwarumvise igihe havugwa ibihumbi n'ibihumbi vy'abarundi bashikiye i Kagunga. Ku wa mungu twarashoboye kubajana mw'ikabi bose duca dusanga bari 35.000''.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bamwe muri abo barundi bahungiye muri Tanzania barafashwe n'indwara ya cholera

Uwo mukozi wo muri HCR avuga ko amakuru bafise ari uko hari abarundi bikabandanya guhunga ariko ku rugero ruto ugereranije n'iminsi iheze, ''nk'abantu ijana ku munsi'', abahunga bakavuga ko ubu bisigaye bigoye kujabuka umupaka.

Abahunga n'ubu bavuga ko bafise ubwoba kubera imyiyerekano ivugwa ku murwa mukuru Bujumbura bakibaza ko bintu bishobora kuba nabi gusumba.

Ku bivugwa ko hari abamaze gusubira mu Burundi, umuvugizi wa HCR Karin de Gruijl avuga ko amaze kuvyumva ariko ko ata gitigiri ashobora gutanga.

Ibiro vya HCR i Bujumbura ngo vyararungitse intumwa kuja kubitohoza.

Ahandi habarizwa abarundi benshi bahunze ni mu Rwanda baharurwa mu 26.000.

Abantu batanguye guhunga Uburundi mu mpera z'ukwezi kwa kane ku makenga ko umutekano ushobora guhungabana mu gihe c'amatora.

Aya mbere y'ama komine n'ayabashingamateka yari ategekanijwe itariki 26 ukwezi kwa 5 yungururijwe itariki 5 ukwezi kwa 6, ay'umukuru w'igihugu akaba n'ubu agitegekanijwe itariki 26 ukwezi kwa 6.

Bamwe mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko ayo matora adashoboka kubera ibibazo biri mu gihugu.

Haraheze ukwezi kurenga hari intureka ijanye n'imyiyerekano y'abadashigikiye ko Prezida Pierre Nkurunziza yitoza mu kiringo ca gatatu.

Ariko umugwi utegura amatora CENI wo wemeza ko ku bibazo vy'ubuhinga witeguye gukoresha amatora.