''Abategetsi ba Fifa barakiriye ibiturire'': Loretta Lynch

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikirizamanza mukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Loretta Lynch

Abategetsi ba Fifa baremeye kwakira ibiturire kugira bafashe ko igikombe c'isi co mu 2010 gikinirwa muri Africa y'Epfo, vyavuzwe n'umushikirizamanza mukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Loretta Lynch.

Madame Lynch yariko aratanga ido n'ido ry'amatohoza ku rwego rw'umupira w'amaguru kw'isi.

Yanavuze ko habayemwo ibiturire mu matora y'umukuru wa Fifa yo mu 2011 no mw'itunganywa ry'ihiganwa rya Copa Amerika ryo mu 2016 ryimirije kubera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ivyo abivuze mu gihe hari abategetsi 7 ba Fifa bafashwe kuri uyu wa gatatu mu gitondo. Bari mu 14 bagirijwe ivyaha vy'ibiturire, mu kwemera gupfumbatishwa ku mafaranga aharugwa muri milioni 97 z'ama dollars mu kiringo c'imyaka 24.

Madame Lynch yavuze ati ''abategetsi ba Fifa barakoresheje ibihagararo vyabo kugira bake ibiturire''.

''Ivyo barabikoze, barabisubira incuro nyinshi, umwaka ku wundi,ihiganwa ku rindi''.

Ubu Suisse nabwo ukwabwo bwatanguje amatohoza ku buryo hatowe ibihugu bizokwakira inkino z'ibikombe vyo mu 2018 no mu 2022 zizobera mu Burusiya no muri Qatar.