Ibiturire muri Fifa: abategetsi 7 bafatiwe Zurich

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Uwo mukwabu wabereye kw'ihoteli y'inyenyeri indwi i Zurich

Hatanguye amatohoza abiri y'ivyaha ku rwego mpuzamakungu rw'umupira w'amaguru, FIFA, ubwo abategetsi 7 barwo bafatiwe i Zurich ku birego vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ukwabo, abashikirizamanza muri Suisse batanguje amatohoza y'ivyaha mu buryo hatowe ibihugu bizokwakira inkino z'ibikombe vy'isi vyo mu 2018 no mu 2022 bizobera mu Burusiya no muri Qatar.

Abo indwi bafashwe bari muri 14 bagirizwa ivyaha vy'ibiturire, nk'uko bivugwa n'abategetsi muri Amerika.

Fifa ivuga ko amatora y'umutegetsi wayo mushasha azoba uko vyari bitegekanijwe ku wa gatanu.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abategetsi ba FIfa bagirizwa barimwo Rafael Esquivel, Nicolas Leoz, Jeffrey Webb, Jack Warner, Eduardo Li, Eugenio Figueredo na Jose Maria Marin

Uwusanzwe atwara urwo rwego muri iki gihe Sepp Blatter , ariko ararondera ikiringo ca gatanu, ntari muri abo bategetsi 7 bafashwe.

Fifa yavuze kandi ku wa gatatu ko hatozosubirwamwo amatora yo kugena ibihugu bizokwakira inkino zo mu 2018 na 2022 n'ubwo ubu Suisse bwatanguje amatohoza ku buryo Uburusiya na Qatar vyatsindiye gutunganya izo nkino.

Abo bantu bafatiwe mu mukwabu wabaye kw'ihoteli y'inyenyeri zitanu i Zurich hakiri kare ku wa gatatu, umuganwa Ali Bin al-Hussein wo muri Jordnia, umukeba wa Seppt Blatter mu matora yimirije, akaba yavuze ko ari umunsi mubi ku mupira w'amaguru.

N'ibiro vya FIFA i Zurich vyakubiswe umukwabu harafatwa inyandiko.

Abo indwi bafashwe barimwo:

-Jeffrey Webb - umukuru w'urwego mpuzamashirahamwe mu Amerika ya ruguru n'iyo hagati hamwe na Carraibes, Concacaf akaba n'icegera c'umukuru wa Fifa

-Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Costa Rica Eduardo Li, yari yitezwe kwinjira mu biro nshingwabikorwa vya FIfa ku wa gatanu

-Eugenio Figueredo wo muri Uruguay, umukuru w'urwego rw'umupira w'amaguru muri Amerika y'Epfo Conmebol

-Umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Venezuela Rafael Esquivel

-Umunye Brezil Jose Maria Marin, wo muri Club Fifa

-Uwujejwe igisata c'iterambere muri Fifa Julio Rocha wo muri Nicaragua

-Costas Takkas, wo mu Bwongereza , yakora mu biro vy'umukuru wa Concacaf.