Nigeria hirukanywe abarikare 'batinye urugamba'

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Twinshi mu turere twari twafashwe na Boko Haram ingabo za leta zaratugaruje

Igisirikare muri Nigeria cirukanye nibura abasirikare 200 kubera ugutinya urugamba no kunanirwa kurwanya Boko Haram, nk'uko abasirikare benshi babibwiye BBC.

Abandi bashika 4.500 barashobora kwirukanwa, nk'uko babivuga.

Umuntu wo mu ngabo za Nigeria yemereye BBC ko hari abirukanywe, ariko ntiyashoboye kwemeza igitigiri nyaco.

Igisirikare ca Nigeria caraneguwe cane igihe intagondwa za ki Islam za Boko Haram zafata ibice bitari bike vy'igihugu mu buraruko n'ubuseruko bwa Nigeria n'ubwo igisirikare cari carungitseyo ingabo mu buryo budasanzwe.

Igisirikare ca Nigeria, gifashijwe n'ingabo za Chad, Cameroun na Niger, ubu caragaruje twinshi mu turere two mu buraruko bushira ubuseruko uwo muhari wari wafashe, ariko n'ubu ibitero vyari rimwe rimwe n'ubwicanyi biracaba.

Iryo yirukanwa vyibazwa ko ahanini rijanye n'ifatwa rya Mubi , igisagara ca kabiri mu bunini mu ntara ya Adamawa, intara imwe muri 3 zashinzwemwo amategeko y'ibihe vy'intambara.

Boko Haram yafashe ico gisiagara mu kwezi kw'icumi inyuma yo gutana mu mitwe n'ingabo za leta.

Umwe mu birukanywe kandi yari ku rubuga igihe Mubi yafatwa, yabwiye igisata ca BBC c'ururimi rw'igihausa ko bo bagendera ku mategeko y'abategetsi babo , bababwira ko bohunga urugamba kuko batari bafise ibigwanisho bikwiye vyo guhangana n'abagwanyi ba Boko Haram.

Abirukanywe ntivyitezwe ko hari ico bazotekererwa canke ngo baronke amahirwe yo kuburana bafashijwe n'umushingwamanza.