Intureka irakomeje mu gisagara ca Bujumbura

Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Imodoka zitatu zihiriye imbere ya banki KCB

Abantu babiri bakomeretse imiduga itatu nayo iraturirwa ubwi haturika ikintu hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Ico kintu caturikiye ahahagarara imuduga kw'ibanki Kenya Commercial Bank (KCB) hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Ababibonye bavuga ko nk'igihe ca sasita n'iminota nka 20 bagiye bumva ikintu gituritse mu mudoka imwe hanyuma hamwe n'izindi zibiri zari ihagaze impande yayo zica zadukako umuriro zirasha.

Gushika ubu ntiharamenyekana abakoze ico gitero.

Ariko umukuru w'igisagara ca Bujumbura Saidi Juma yavuze ko ari igitero c'iterabwoba c'abashaka kubuza abantu kurangura imirimo yabo.

Haheze amasaha make ivyo bibaye, hari ikindi kintu caturikiye muri bisi ahahora isoko nkuru ya Bujumbura.

Abantu bari bahejeje gusohoka ku buryo atawakomerekeye. Ariko bisi zitatu zari hafi zononekaye ibiyo.

Nico ntawuramenya uwagikoze.

Mu Buterere umuntu yishwe , uwundi i Mukike mu ntara Bujumbura rural mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 c’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

Mu gisagara ca Bujumbura na hamwe hamwe mu ntara zo hagati mu gihugu haraheze ukwezi harangwa uruhagarara rujanye n'imyiyerekano y'abadashigikiye ko prezida Pierre Nkurunziza yitoza arondera kurongora Uburundi ikiringo ca gatatu.

Abantu barenga 20 baramaze kugwa muri iyo ntureka.

Ibiganiro intumwa ya ONU idasanzwe mu bihugu vy'ibiyaga bini Said Djinnit amaze ukwezi agirisha abegwa n'ibibazo vya politike hamwe n'abadaharanira inyungu za politike, yavuze ko ku bintu umuanani bihweje bumvikanye kuri 6 uretse ikibazo c'imyiyerekano n'ic'ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu.

Ibindi vyarimwo ko

-amaradiyo yigenga yosubira agakora,

- ikirangamisi c'amatora cokwigizwa inyuma gato, abanyepolike batavuga rumwe na leta bagakingirwa kandi bagashobora kwiyamamaza

-hofungurwa abafashwe mu gihe c'imyiyerekano, imitahe yo gufata abarongoye imigambwe itavuga rumwe na leta na societe civile igahagarikwa

-umushikirizaamanza kizigenze yohagarika ishingwa ry'umugwi wo gukurikirana abafatwa bari mu myiyerekano.

Abari muri ivyo biganiro bumvikanye ko bazosubira kubonana inyuma y'inama y'abakuru b'ibihugu vyo mw'ishirahamwe rya Africa y'ubuseruko EAC itegekanijwe ku wamungu( 31/05/2015)