Muhammadu Buhari yashikiriye amabanga

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Muhamadu Buhari arahirira kuba umukuru wa Nigeria

Uherutse gutinda amatora y'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa gatatu muri Nigeria, Muhammadu Buhari, yarahiriye amabanga yo kurongora igihugu gifise abantu banshi kurusha ibindi vyose muri Africa.

Buhari niwe wa mbere wo mu migambwe itavuga rumwe na leta yatsinze amatora muri Nigeria kuva ico gihugu kicikukira mu 1960.

Asubiriye Goodluck Jonathan, yasavye umusubiriye kwunga igihugu gihazwe n'intagondwa z'umuhari wa Boko Haram.

Buhari, yigeze kuba umukuru w'igihugu wa gisirikare, avuga ko ubu yahindutse akaja ku murongo wa demokrasi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Muhamadu Buhari (i buryo) yatinse Goodluck Jonathan(i bubamfu)

Yatsinze Jonathan-yari ku butegetsi kuva mu 2010-ku majwi miliyoni 15.4 kuri 12.9.

Umunyamakuru wa BBC Will Ross avuga ko abategetsi bavuye irya n'ino kw'isi baje kuraba ico gihe mbonekarimwe muri kahise ka Nigeria.

Mu gihugu aho ubutegetsi bwagiye burahinduka akenshi biviye mu nguvu za gisirikare, uw munyamakuru avuga ko ari igihe co kwishimnira demokrasi iriko irashinga imizi.

Mu birori vyo kibisijkanya mu kibanza ca Eagle Square ku murwa mukuru Abuja, -Jonathan yashikirije ibwirizwa nshingiro n'amabendera y'igihugu imbere y'uko Buhari avuga indahiro yo gushikira amabanga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Muhammadu Buhari

Muhammadu Buhari ni nde:

-Umu Islam wo nu buraruko bwa Nigeria,

-Afise imyaka 72 y'amavuka,

-Yatwaye Nigeria nk'umutegetsi wa gisirikare hagati ya 1984 na 1985

-Yakuwe atembagajwe ku butegetsi

-Azwi nk'umuntu adashobora kurya igiturire

-Ntazwi neza mu vyerekeye agateka ka zina muntu

-Yarahatswe kugandagurwa na Boko Haram

Mu bashitsi bari bitavye ibirori harimwo ministre wa Amerika ajejwe imigenderanire John Kerry, n'abategsi benshi ba Africa barimwo umukuru wa Zimbabwe Robert Mugabe.

Buhari atwaye Nigeria mu gihe ico gihugu cugarijwe n'ibibazo vy'ubutunzi n'umutekano kubera umuhari wa Boko Haram.

Uretse kurwanya Boko Haram, Buhari yiyemeje kurandura igiturire.