Babiri mu mugwi ujejwe amatora mu Burundi bahunze

Abantu bashika ku mirongo ibiri baramaze gusiga ubuzima mu myiyerekano Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu bashika ku mirongo ibiri baramaze gusiga ubuzima mu myiyerekano

Amakuru ava mu Burundi yemeza ko abantu babiri bo mu mugwi wigenga ujejwe amatora, CENI, bahunze igihugu.

Hiyongereye ibibazo vyo kumenya niba koko amatora y'abajenama b'amakomine hamwe n'abashingamateka yo mu ndwi iza, hamwe n'ayumukuru w'igihugu azoshobora kuba.

Biragoye kandi kumenya niba umugwi CENI uzoshobora gukora, usigaranye batatu gusa mu bayobozi bawo batanu.

Mu ndwi iheze ishengero Gatolika ryamenyesheje ko ridashobora kugira uruhara mu guhagararira amatora, umugwi w'indorerezi z'ishirahamwe rya Buraya nawo uvuga ko uhagaritse uburorerezi.

Abantu bashika ku mirongo ibiri baramaze gusiga ubuzima mu myiyerekano y'abiyamiriza kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza mu kiringo kigira gatatu, hakaba kandi harabaye gushaka gutembagaza ubutegetsi.