John Kerry yavunitse ukuguri ari mu Bufaransa

John Kerry yavunitse ariko aranonora imitsi kw'ikinga Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption John Kerry yavunitse ariko aranonora imitsi kw'ikinga

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire, John Kerry, yavunitse ukuguru ari kugira kw'ikinga mu karere ka Alpes mu Bufaransa.

Yaciye ahagarika ingendo yarimwo ku mugabane wa Buraya, aca asubira muri leta zunze ubumwe za Amerika.

Bwana Kerry akivunika igufa ryo mw'itako, yaciye abanza kujanwa n'indege ya kajugujugu ku bitaro vy'i Geneve muri Swisse.

Umuvugizi wiwe yabwiye BBC ko ubuzima bwa bwana Kerry butageramiwe, ngo kandi ntaremvye.

Bwana Kerry yari muri Swisse mu biganiro ku mugambi wa Irani w'inguvu za nucleaire, akaba yagomba kuja i Madrid kuwa mbere gushira umukono ku masezerano ajanye n'ivyo kwivuna abansi, akaja n'i Paris.