Burundi: Imyigaragambyo i Bujumbura

Imyigaragambyo i Bujumbura
Image caption Imyigaragambyo i Bujumbura

Mu Burundi, imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 c’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza yabereye ahanini ku Musaga no mu Ngagara.

Aho mu Ngagara abari mu myiyerekano ishavu ryaniga, hari imisore ibiri yaraye ikomerekejwe n’amasase iri kw’irondo, uno musi naho mu gatondo hari uwundi musore yafashwe n’igiporisi.

Mu ngagara, imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 c’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza ahanini yabereye kw’ibarabara ryitiriwe Musenyeri Buconyori.

Abari mur’iyo myiyerekano baguma bidoga basaba ko abaporisi n’abasirikare borikanura mw’ijoro kugirango ntihagire uwusubira kuraswa ari kw’irondo.

Aho ni mu gihe aho mu Ngagara, muri karitiye iy’indwi kw’ibarabara ryiswe Bisoro hari imisore 2 yarashwe iri kw’irondo nk’uko bimenyeshwa n’abo bari kumwe.

Aho nyene mu Ngagara, imyiyerekano yaciye ibandanyiriza hagati muri karitiye.

Mu Nyakabiga no kw’i Jabe icaharangwa Twari utugwitugwi tw’imisore n’inkumi hagati mu tubarabara tw’imigenderanire. Nta myiyerekano yahabaye n’aho ata miduga myishi yahaca. Abaporisi baguma bagavye.

Ku musaga niho abagize imyiyerekano bazindukiye mu mabarabara matomato yo hagati muri karitiye, ariko bakaguma basotera ibarabara rikuru.

Mwomenya ko Umuryango utabara imbabare Croix Rouge, umunyesha ko kur’uno wa 4 hakomeretse abantu 5 mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura hanyuma mu bumanuko naho hakomereka abantu 24.

Nk’uko Croix rouge ibivuga ngo abo nibo uwo muryango washoboye gutabara.