FIFA: Warner yemeye kubwira byose iperereza

Jack Warner Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jack Warner

Uwahoze ari icyegera cy'umukuru wa FIFA, Jack Warner, yarahiye ko azabwiza ukuri kose azi abapererezi ku birego bya ruswa bivugwa muri iryo shyirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi.

Bwana Warner, umwe mu bari kw'isonga ry'abaregwa n'ubutegetsi bw'Amerika, yavuze ko yashyiriye inyandiko abamuburanira zigaragaza ubufatanye hagati ya FIFA, abayitera inkunga hamwe nawe ubwe.

Yanavuze ko azashyira ahabona ibintu byinshi binarimo uko yakoranye n'umukuru wa FIFA, Sepp Blatter. FIFA na bwana Blatter ariko bahakana ibirego byose.

Igipolisi cyo muri Afrika yepfo cyo cyatangiye amaperereza yibanze ku birego bivuga ko ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika yepfo ryatanze ruswa ya miliyoni 10 z'amadolari y'Amerika kugirango icyo gihugu gishobore kwakira imikino ya nyuma y'igikombe cy'isi mu 2010.

Ishyaka ritavuga rumwe n'ubutegetsi Freedom Front Plus niryo ryashyikirije igipolisi inyandiko zigaragaza ko hari abayobozi bakuru b'iryo shyirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika yepfo batanze ayo mafaranga.

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Fikile Mbalula

Umushikiranganji w'imikino w'Afrika yepfo Fikile Mbalula yakanye ibyo birego.

Umushikiranganji w'imikino mu Bwongereza, John Whittingdale, yavuze ko hari amahirwe menshi yuko hakongera kubaho itorwa ry'igihugu kizakira imikino ya nyuma y'igikombe cy'isi izaba mu 2018 n'i 2022 niba habonetse ibimenyetso byuko habayemo ruswa.

FIFA yahaye ayo mahirwe ibihugu by'u Burusiya na Qatar.

Abashinjacyaha bo muri Amerika no mu Busuwisi bari gukora amaperereza yo kureba niba iryo tora ryarabaye mu ukuri.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption John Whittingdale

Bwana Whittingdale yavuze ko Ubwongereza, bwatsinzwe mw'ipiganirwa ryo kwakira imikino ya nyuma y'igikombe cy'isi cyo mu 2018, bwiteguye kwongera kujya mw'ipiganwa niba ryongeye kubaho.