Burundi: Hapfuye umuntu mu myiyerekano

Imyiyerekano ku Musaga
Image caption Imyiyerekano ku Musaga

Mu Burundi kur’uno wa 5, Umuntu umwe yitavye imana ku Musaga mu mishamirano hagati y’abaporisi n’abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 c’Umukuru w’Igihugu Petero Nkurunziza. Nya myiyerekano yabera hagati mu ma karitiye ariko abaporisi batinze barasa kugirango bashwiragize abagira iyo myiyerekano.

Aho ku Musaga imisore n’inkumi bazindikiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca 3 c’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Ariko rero ico mwomenya ni uko batigeze bakandagiza ikirenge mw’ibarabara rikuru.

Aho ku Musaga imyiyerekano yagumye ibera kw’ibarabara rya mbere n’irya kabiri. Abaporisi bagumye babasaba ko bosubira inyuma. Amasase ntiyainze kwasirana. hari umusore umwe yitavye Imana arashwe mu mugongo.

Aho ku Musaga nyene hari umupfasoni ajejwe ivy’agateka ka zina muntu yakubaguwe n’abaporisi.

Image caption Ange Bukweberi

Ange Bukweberi aserukira ishirahamwe Mutima Mwiza. Yakubiswe n’abaporisi bamwagiriza ko nawe nyene ari mu myiyerekano, uwo mupfasoni amenyesha ko ahubwo ari nk’umuhuza.

Mwomenya ko aho ku Musaga n’abamenyeshamakuru batinze birukanywa.

Image caption Imodoka yatwitswe ku Mutakura

Aho ni mu gihe mu Cibitoke no ku Mutakura, abaporisi n’abagira imyeyerekano bagumye bashamiranye kuva mu gatondo. Aho ku Mutakura haturiwe n’umuduga wunguruza abantu.

Mu Nyakabiga naho amabarabara y’imigenderanira ntiyahita, nya mabarabara yaraye yimbwe.

Image caption Igipolisi mu Nyakabiga

Ahandi haranzwe imyiyerekano n’i Mugongo-Manga mu ntara ya Bujumbura bakunze kwita Bujulbura rural aho haturiwe inzu y’umwigisha wo mw’ishure ryisumbuye ry’aho i Mugongo. yagirizwa n’abagira imyiyerekano ko abarega ku baporisi.