Ibisasu vyatewe ahabera imyiyayamazo muri Turkiya

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption ibisasu vyatewe ahiyamamriza HDP

Bavuga ko ivyo bisasu vyaturikiye mu muji wa Diyarbakir mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Turkiya, vyari ibigopo vya gaz bitsindagiyemwo amabuye akomeye.

Abantu bane bahasize ubuzima abandi barenga 400 barakomereka.

Ivyo bisasu vyaturikijwe mu gihe uno munsi wari kuba ari umunsi utekanye, inyuma yo kwiyamamariza amatora y'ejo, ariko abategetsi bamwe bamwe bariko bashikiriza amajambo yabo yo gusozera iryo sekeza.

Ayo matora y'ejo ashobora gutuma umugambwe HDP winjira mu nama nshingamateka.