Ibiganiro kuri Yemen mu ndwi iza

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abarwanyi b'aba Houthi batera indirimbo zo kwiyamiriza Arabia saudite

Umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU Ban Ki Moon yasavye impande zose kuzana umutima w'ubushake mu biganiro ata mananiza.

Impande zompi, n'ukuvuga leta ubu iri mu buhungiro, n'umurwi w'abarwanyi b'aba Houthi bavuga ko bazovyitaba.

Kare, Arabia Saudite kemeje ko yaburijemwo igisasu carashwe n'abarwanyi b'aba Houthi bo muri Yemen.

Abategetsi bavuga ko ico gisasu cari carungitswe amatumbera mu muji wa Khamees Mushait mu masaha ya kare kuri uno wa gatandatu, kiraswa n'ikindi gisasu ca 'Patriot missile'.

Ico gitero kije mu gihe ikinyamakuru ca Arabia Saudite cari cavuze ku ntambara yamaze amasaha menshi ejo kuwa gatanu, ku rubibe rwo mu bumanuko bw'igihugu, amahera muri Jizan na Najran.

Ico kinyamakuru kivuga ko abanya Arabia Saudite bane, n'abanya Yemen icumi bahasize ubuzima igihe ingabo zariko zirukana abo ba Houthi.

Ababa mu muji wa Sana'a bavuga ko wamijwemwo ibisasu vyinshi n'ingabo zirongowe na Arabia Saudite.