Inama y'ibihugu vy'ibihangange irabandanya

Abakuru b'ibihugu vy'ibihangange baganira kw'ihindagurika ry'ikirere Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakuru b'ibihugu vy'ibihangange baganira kw'ihindagurika ry'ikirere

Inama y'ibihugu vy'ibihangange kw'isi bihurikiye mu mugwi G7 irabandanya ku munsi ugira kabiri, bakaba bihweza ihindagurika ry'ikirere hamwe n'ubutagondwa.

Umu chancelier w'Ubudage, igihugu cakiriye iyi nama, Angela Merkel, ashaka ko uwo mugwi wumvikana ko ubushuhe kw'isi bwokwiyongera ku rugero bwiyongerako iterambere ry'inganda ritaraza.

Ashaka kandi ko ibihugu vyo muri G7 bishira amahera mu kigega co gufasha ibihugu bikenye bibangamiwe n'ingaruka z'ihindagurika ry'ikirere.

Abakuru ba Nigeria na Tunizia, baritaba igice c'iyo nama kidasanzwe kiza kwihweza amabi aterwa n'ubutagondwa mu vy'amadini.