Leta ya Irani ihagurukiye ikibazo c'inzoga

Inzoga zirabujijwe muri Irani, ariko zirinjira mu gihugu mu buryo bw'amagendo Uwufise ububasha kw’isanamu MEHR
Image caption Inzoga zirabujijwe muri Irani, ariko zirinjira mu gihugu mu buryo bw'amagendo

Abajejwe intwaro mu gihugu ca Irani batangaje umugambi wo kwugurura ibitaro ijana na mirongo itanu vyo kuvura ababangamiwe n'inzoga.

Igisata c'bushikiranganji bujejwe amagara muri Irani kijejwe kwita ku bafata ibiyovyabwenge, kivuga ko ivyo bitaro bizotanga ubufasha ku bashaka guheba inzoga.

Inzoga zirabujijwe muri Iranu kuva habaye amahinduka ya ki Islam mu 1979.

Ariko inzoga zirahingurwa muri ico gihugu mu kinyegero, canke zikinjizwayo zivuye mu bihugu bibanyi.

Abamenyeshamakuru bavuga ko kuba ivyo bitaro bigiye kubakwa, vyerekana ko leta yemera ko inzoga zisigaye ari ikibazo gikomeye muri ico gihugu.