Turkiya: AKP ntiwaronse abashingamateka wifuza

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umwe mu bashigikiye HDP inyuma y'amatora

Umugambwe uri ku butegetsi AKP ntiwashoboye wifuza ko ibwirizwa nshingiro rihindurwa, ariko ntiwashikanye amajwi akenewe (2/3) ngo ushobore kubona ubwiganze mu nama nshingamateka.

Perezida Recep Tayyip Erdogan yari yifuje ko umugambwe wiwe uronka amajwi akwiye mu nama nshingmateka yaraye itowe.

Umugambwe wiwe AKP wifuza amajwi uwuha ubwiganze mu nama nshingamateka, kugira ushigikire ihindurwa ry'ibwirizwa nshingiro, gutyo Recep Tayyip Erdogan abone kongerezwa ububasha.

N'ubwo AKP utaronse ubwiganze, bwana Davutoglu avuga ko ari wo waronse menshi, rero ko watsinze amatora.

Nta mukuru n'umwe w'umugambwe aravuga ku bijanye no kwiyunga mu runani na AKP.

Ibwirizwa nshingiro rya Turkiya riremera ko haba ayandi matora, iyo ata migambwe yiyunze mu runani mu minsi 45.