Abana benshi badaherekejwe bahunze u Burundi

Abana badaherekejwe bashika mu nkambi ata kintu na kimwe bafise Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abana badaherekejwe bashika mu nkambi ata kintu na kimwe bafise

Ishirahamwe ry'abagiraneza ryita ku bana, Save the Children, rivuga ko abana barenga ibihumbi bibiri badaherekejwe bamaze guhunga u Burundi.

Abo bana ngo ni abahunze kuva aho hatanguriye ibibazo vya politike muri ico gihugu.

Save the Children ivuga ko benshi muribo bamaze indwi bagenda, benshi bagenda n'amaguru, baja mu bihugu bibanyi vy'u Rwanda, Tanzania, na republika iharanira demokrasi ya Kongo.

Umuvugizi wa Save the Children yavuze ko benshi bashitse mu nkambi z'impunzi ata birato bambaye, ata n'ikintu bafise kiretse impuzu bari bambaye.

Intureka zatanguye mu bice bimwe vy'igisagara ca Bujumbura na hamwe hamwe hagati mu gihugu, kuva aho umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, ugeneye Prezida Nkurunziza ngo aze awuserukire mu matora y'umukuru w'igihugu.