Impfungwa yari imaze imyaka 43 mu mwiherero igiye kurekurwa

Albert Woodfox yari amaze imyaka 43 apfungiwe mu mwiherero Uwufise ububasha kw’isanamu Cortesia de Angola3.org
Image caption Albert Woodfox yari amaze imyaka 43 apfungiwe mu mwiherero

Umucamanza muri leta zunze ubumwe za Amerika yategetse irekurwa rya Albert Woodfox, yari amaze imyaka 43 afungiwe ahantu ha wenyene.

Niyo mpfungwa yo muri Amerika yari imaze igihe kire kire kurusha abandi impfungiwe mu mwiherero.

Niwe wanyuma mu bagabo batatu baharanira agateka k'Abirabura bazwi kw'izina rya Angola Three, arekuwe.

Bapfungiwe ahantu ha bonyene bagirizwa iyicwa ry'umurinzi w'ibohero, mw'ibohero ryo mu ntara ya Louisiana, rizwi nk'ibohero rya Angola mu 1972.

Woodfox yamye avuga ko ipfungwa ryiwe rifise imvo za politike ngo kuko yari mu mugwi w'aba Black Panther, abirabura baharanira agateka n'uburenganzira bwo kugira uruhara mu butegetsi ku birabura.