Abategetsi ba Afrika baguye isoko

Umukuru w'igihugu wa Misiri, Abdel Fatah al Sisi, niwe yari arongoye inama y'i Sharm el Sheikh Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umukuru w'igihugu wa Misiri, Abdel Fatah al Sisi (hagati), niwe yari arongoye inama y'i Sharm el Sheikh

Abategetsi bo muri Afrika bashize umukono ku masezerano yo gushinga isoko ryagutse ridatangwamo ikori muri Afrika.

Ayo masezerano yashiriweko umuko mu kibanza ca Sharm el Sheikh mu gihugu ca Misiri.

Amashirahamwe atatu y'akarere (ishirahamwe rya Afrika y'ubumanuko, SADC, iryo mu buseruko, EAC, hamwe n'ishirahamwe ry'isoko rusangi ry'ubuseruko n'ubumanuko bwa Afrika, COMESA) niyo yishize hamwe mu gushinga isoko riserukiye abantu barenga imiriyoni 600.

Umukuru w'ibanki y'isi, Jim Yong Kim, yavuze ko Afrika iteye intambwe muri kazoza.

Ayo masezerano ariko agomba kubanza kwemezwa n'igihugu kimwe kimwe ukwaco, abahinga bakavuga ko ashobora gutangura gushirwa mu ngiro mu 2017.