Umukuru w'u Burundi yemeje amatariki y'amatora

Amatora y'umukuru w'igihugu azoba itariki 15/07/2015 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Amatora y'umukuru w'igihugu azoba itariki 15/07/2015

Umukuru w'u Burundi, Pierre Nkurunziza, yasohoye itegeko ryemeza amatariki amatora y'uno mwaka azoberako.

Hakurikijwe iryo tegeko, amatora y'abashingamateka n'abajenama b'amakomine azoba itariki 29/06/2015, ay'umukuru w'igihugu abe itariki 15/07/2015.

Umugwi w'igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora, CENI, wari washikirije icipfuzo c'uko amatora y'abajenama b'amakomine n'abashingamateka yoba itariki mirongo ibiri na zitandatu z'ukwa gatandatu.

Abatavuga rumwe na leta, biyamirije ivyashikirijwe na CENI bakavuga ko itabifitiye uburenganzira mu gihe mu bayigize batanu hasigaye batatu gusa.

Bavuga kandi ko batemera ko Presida Pierre Nkurunziza yitoza muri ayo matora, ngo kuko biteye kubiri n'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi hamwe n'amasezerano ya Arusha.

Ivyo nivyo vyateje imyiyerekano imaze hafi ukwezi n'igice yo kumwiyamiriza.