Papa yashizeko ibiro vyo gucira imanza abasenyeri

Papa Francsi ashaka ko abasenyeri banyegeza abahohotera abantu bohanwa Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Papa Francsi ashaka ko abasenyeri banyegeza abahohotera abantu bohanwa

Umwungere wa ekleziya Gatolika, Papa Francis, yashizeko ibiro bishasha bizocira imanza abasenyeri banyegeza abihebeye Imana bahohotera abantu mu kubashurashuza.

Umuvugizi wa Vatikano, Federico Lombardi, yavuze ko ubu hariho uburyo bwihariye bwo guhana abatazohangana n'iryo hohoterwa.

Ariko ishirahamwe ry'abahohotewe rifise icicaro muri leta zunze ubumwe za Amerika, rivuga ko ivyo ata kanini bimaze kandi ngo bije biteba.

Ryavuze ko Papa yari kuba yarirukanye abasenyerei benshi rivuga ko babigizemwo uruhara.

Uwundi mugwi w'abahohotewe wabajije ukuntu Vatikano yohana abareka ivyaha nk'ivo bigakorwa, mu gihe bari mu nzego zo hejuru za Vatikano nyene.