Uwahoze ari umutegetsi akomeye mu Bushinwa yapfunzwe burundu

Image caption Television ya leta yerekanye Zhou Yongkang yemera icaha mu rubanza rwabaye mu mwiherero i Tianjin

Uwahoze ari umukuru w'urwego rujejwe umutekano mu Bushinwa Zhou Yongkang yakatiwe gupfungwa ubuzima bwose-akaba ariwe munyepolitike wo mu rwego rwo hejuru yagirijwe ivyaha vy'ibiturire mu ntwaro y'aba kominista.

Yagiriwe n'icaha co gupfumbatishwa,gukoresha nabi ububasha yari afise hamwe no '' kumena n'ibigirankana amabanga y'igihujgu'', nk'uko vyatangajwe n'itororokanirizo ry'amakuru rya leta Xihnua.

Gushika afate ikirihuko c'izabukuru mu 2012, Zhou yari umwe mu bantu bakomeye cane mu Bushinwa.

Yaciye atangura gukorwako amatohoza haheze umwaka mu gikorwa kinini ca prezida Xi Jinping co kurwanya ibiturire.

Television ya leta yerekanye agace gato k'aho Zhou ariko aremera icaha mu rubanza rwabaye mu mwiherero mu gisagara ca Tianjin kiri mu buraruko. Ariko arishura umucamanza,yavuze ko atazokwunguruza.

Yavuze ati: ''narabonye ikibi nakoreye unugambwe n'abashinwa. Ndemeye icaha kandi ndicuza ku vyo nakoze''.