Babiri basubirira ababuze muri CENI bemejwe

Abanshingamateka 81 kuri 82 nibo bemeje abantu babiri bagiye gukwiza umugwi CENI
Image caption Abanshingamateka 81 kuri 82 nibo bemeje abantu babiri bagiye gukwiza umugwi CENI

Abantu babiri bari babuze mu mugwi wigenga ujejwe amatora mu Burundi, CENI, basubirijwe n'inama nshingamateka.

Uwa mbere yemejwe mu kibanza c'icegera c'umukuru wa CENI ni Annonciate Niyonkuru, umukenyezi w'imyaka 38, yahora arongoye sentare ya Ngozi.

Uwundi yemejwe ni Nijimbere Alice, w'imyaka 38, yahora ari umuhanuzi mu biro vya komine Matongo mu ntara ya Kayanza, uwo nawe agiye kuba umu commissaire mu murwi CENI.

Image caption Abashingamateka bo muri UPRONA na Frodebu Nyakuri ntibabonetse mu ngoro ya Kigobe

Abo bakenyezi babiri bemejwe n'abashingamateka 81 kuri 82 bari mu nama nshingamateka, aho ni mugihe abashingamateka baturuka mu mugambwe UPRONA cumi na batandatu bayoboka Charles Nditije, kiretse icegera c'umukuru w'inama nshingamateka, batari bitavye.

Abandi batitavye n'abashingamateka 5 baturuka mu mugambwe Frodebu Nyakuri iragi rya Ndadaye, barongowe na Dr Jean Minani.

Barungitse urwandiko rwasomwe n'umushingamateka Bonaventure Gasutwa, aho bamenyesha ko batigeze bagishwa inama, ngo kuko ayo mazina bategerezwa kuyaganirako bose.

Bakavuga kandi ko umugambwe uri kubutegetsi, CNDD FDD, wihereranye ico gikorwa.

Abo babiri bemejwe, bazoca bashikirizwa inama nkenguzamateka kugira ibemeze, mu nyuma bemezwe ku ntambwe ya nyuma n'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza.