Ubukerarugendo burabangamiwe muri Kenya

Ubukerarundo ni ubwa kabiri mu kwinjiriza Kenya amahera y'agaciro nyuma y'icayi
Image caption Ubukerarundo ni ubwa kabiri mu kwinjiriza Kenya amahera y'agaciro nyuma y'icayi

Igitigiri c'abakerarugendo bagendera igihugu ca Kenya cagabunutseko 25% mu mezi atanu ya mbere y'uno mwaka.

Ikigo kijejwe ubukerarugendo muri Kenya kivuga ko abakerarugendo bo mu Bwongereza aribo bagabanutse cane, igitigiri cabo kikaba kiri hasi mirongo itatu na gatanu kw'ijana.

Ubukerarugendo, busanzwe aribwo bugira kabiri mu kwinjiriza Kenya amahera y'agaciro nyuma y'icayi, bwabangamiwe n'ibitero vy'abarwanyi ba ki Islam.

Kenya ivuga ko izokwongereza amahera mu bikorwa vy'umutekano mu kugerageza kwongera igitigiri c'abanyamahanga bagendera ico gihugu.