Intumwa za EAC mu Burundi

Image caption Intumwa z'abashikiranaganji b'imibano ba EAC mu Burundi

Iryo shirahamwe mu mpera z'ukwezi guheze, ryashikirije ingingo zotuma ibintu bidadanuka mu Burundi, harimwo kwigiza inyuma amatora hamwe no kuganira.

Ivyo vyaraye busubiye gusabwa n'umugwi w'umutekano w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika mu nama yaryo yasozerewe ejo muri Afrika y'epfo.

Abatavuga rumwe na leta y' Uburundi bavuga ko bashima inama Uburundi bwagiriwe n'abakuru b' ibihugu vya Afrika bari mu nama muri Afrika y'epfo ejo.

Kubona ikibazo co kwitoza mu kiringo ca gatatu kwa perezida Pierre Nkurunzia, umwe mu batavuga rumwe na Leta, Sylvestre Ntibantunganya, yabwiye BBC ko ico n'ubwo kitadomweko urutoke, ivyo abo bategetsi babwie abarundi vyose ko bizoca mu biganiro, n'ico kibazo kirimwo, kuko ngo ataho babuza ko kizoganirwako.

Sylvestre Ntibantunganya, akomeza avuga ko atawokwitwaza ikiringo gisigaye ku nzego zihari ngo avuge ko ivyasabwe n'abo bategetsi ba Afrika bitorangira gushirwa mu ngiro.