Umugaba wa Al Qaeda yishwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Nasser al Wuhayshi

Muri Video yatanzwe ku rubuga rwa internet, Al Qeada ivuga ko Nasser al-Wuhayshi yarashwe n'indege igenda itagiramwo umudereva, ari kumwe n'abandi babiri.

Nasser al -Wuhayshi yigeze kuba ari somambike wa Osama Ben Laden, yari umukuru wa Al Qaeda.

Umurwi wiwe uzwi kw'izina rya AQAP( Al Qaeda in the Arabian Penensula), urerwa ibitero vyinshi vyatumbereye inyungu za Leta nzuze ubumwe za Amerika.

AQAP niwo warashe no ku kigo c'ikinyamakuru c'Ubufaransa Charlie Hebdo i Paris mu kwezi kwa mbere uyu mwaka.

Nasser al -Wuhayshi, yapfuye mu ndwi iheze, agize kane mu bakuru ba AQAP bamaze guhitanwa n'ibitero vya Leta zunze Ubumwe za Amerika, ku buryo bitanguye gukekwa ko uwo murwi wacengewe.