Inama Uburundi bwagiriwe na Afrika izofasha iki?

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza,ugushaka kongera kwitoza kwiwe kwateye impari.

Zimwe muri izo ngingo ni irungikwa ry'abahinga mu vya gisirikare bohagararira igikorwa co kwaka ibirwanisho imigwi ikorana n'imigambwe hamwe n'ibiganiro hagati ya leta n'abatavuga rumwe nayo.

None ibi bisabwa bishobora gutwara igihe kingana iki, canke birashoboka?

Uwujejwe igisata c'ibiyaga binini mw'ishirahamwe rijejwe gukumira amatati kw'isi, ICG, yabwiye BBC ico avyibazako.

Thierry Vircoulon, avuga ko ivyashikirijwe n' inama y' Ubumwe bwa Afrika vyari ivyiumviro vyiza iyo aba leta y' Uburundi yavyemera.

Yongeye ko vyari kugira ico bifashije iyo biba vyashigikijwe igitsure ca diporomasi ca Afrika.

Ariko akavuga ko bisan'aho bigaragara ko amakungu, cane cane akarere, basa n'abariko barahesha ku kibazo c'Uburundi.

Ngo ntibashimikiye ku kuja mw'itsitso ry'ikibazo nyamakuru cateye impari mu Burundi - ugushaka kwitoza mu kiringo ca gatatu kwa perezida Pierre Nkurunziza.

Ahubwo ngo bashimikiye ku gushaka guherekeza umugambi w'amatora.

Nayo ku batavuga rumw ena leta ngo bigaragara ko nabo nyene batakaje inguvu kubera imyiyerekano mu gihugu isa n' iyazimye, eka no mu makungu, icari gisigaye gushira igitsure kuri leta ngo ni diporomasi.

Ku kibazo c'uko hasabwe ko horungikwa abahinga mu vya gisirikare baja gufasha mu bijanye no kwambura ibirwanisho, Thierry Vircoulon afatira ku vyo perezida Nkurunziza aheruka gushikiriza abashikiranganji b'akarere ka Afrika y'ubuseruko, aho yavuze ko Uburundi busanzwe bwaratanguye ico gikorwa co kwambura ibirwanihso kuva buvuye mu ntambara.

Agira ati leta ivuga ivyo kuko yo idafata ico kibazo co kwambura ibirwasho ko kiraba imirwi nk'imbonerakure, ariko ari ukuvyaka abasivire boba bakibifise.