Igihano c'urupfu Morsi yakatiwe cashimangiwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Muhammad Morsi

Muhammad Morsi yahamijwe icaha co kugira uruhara mu bikorwa vyo gutegura kumena amabohero no kugaba ibitero ku gipolisi mu gihe c'imigumuko yakuye ku butegetsi Hosni Mubarak, ari nawe yasubiriye.

Iyo ngingo ya sentare ije mu gihe yari imaze kugisha inama umukuru w'idini mu Misiri, Grand Mufti, ari nawe ashinzwe gusobanura amategeko ya islamu.

Uwunganira Morsi avuga ko azokunguruza.

Imbere y'ico gihano c'urupfu, bwana Morsi yari yahawe ikindi co gupfungwa ubuzima bwose, amaze guhamwa n'icaha c'ubusumyi bw'urusaku.

Uwo yahoze ar'umukuru w'igihugu yagirizwa ko yasumira urusaku igihugu ca Iran, n'umuhari Hamas w'abanya Palestina, hamwe na Hezbollah yo muri Libani.