Perezida Museveni yishuye Amama Mbabazi

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Perezida Yoweri Museveni

Perezida Museveni avuga ko ivyo Mbabazi yavuze ko yifuza guhindura mu gihugu aramutse abaye umukuru w'igihugu, ngo yari gushobora kubikora mu myaka yose yamaze mu butegetsi.

Perezida Museveni yabivuze abicishije mu butumwa bwa video y'iminota cumi n'umunani, nyuma y'aho bwana Mbabazi nawe nyene agize nk'ivyo agatangaza ko ashaka guhiganirwa kuba umukuru w'igihugu.

Perezida Museveni yatanguye gushima Mbabazi avuga ko hari bimwe ashima mu vyakozwe mu gihugu.

Ariko rero yavuze ko ibitakozwe neza navyo ari we akwiye kubisobanurira abanyagihugu kuko ariwe yari ajajejwe kubikurikirana nk'umushikiranganji wa mbere.

Kuva ageze mu gihugu ava muri Afrika y'epfo mu nama y'abategetsi ba Afrika, perezida Museveni yagirishije inama n'akarwi gato k'abategetsi, bihweza ku ngaruka z'amajambo yaraye ashikirijwe na Amama Mbabazi.

Hagat'aho abayoboke ba Amama Mbabazi biravurwa ko batawe muri yompi, bazira ko bamanitse amafoto yiwe.

Umuvugizi w'igipolisi Fred Inanga, yemeje ayo makuru, aho yavuze ko abafashwe bazize gushigikira imyiyamamazo y'imbere y'igihe.

Abavuga ku majambo abo bagabo babiri bashikirije, baribaza impamvu abamanitse amafoto ya perezida Museveni ubwiwe, ubu agaragara henshi bo batafashwe.

Hari abibaza ko Amama Mbabazi ashobora gutuma amajwi y'abanywanyi ba NRM bashigikiye Museveni agabanuka, hamwe yoshimika gushaka kwitoza.