Igisasu cahitanye abashika 20 muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu BOKO HARAM
Image caption Abayoboke ba Boko Haram

Ivyo bisasu bikekwa ko vyoba vyakozwe na Boko Haram vyari bihejeje gutowa mu gikorwa co gukizura mu karere karimwo abo barwanyi ba Boko Haram.

N'ubwo ata makuru menshi aramenyekana kuri vyo, biravurwa ko ari abasanzwe bafasha mu marondo mu karere ka Borno, bakorana n'igisirikare c'igihugu, bubuye ibirwanisho birimwo ibisasu vy'ibikorano- Improvised Explosive Divices.

Bikekwa ko ari abarwanyi ba Boko Haram boba babihebeyeho, igihe baherutse guhunga ako karere.

Mu gihe rero bariko barigina ko babigunduye, kimwe muri ivyo bisasu bikoreshejwe intoke caciye giturika, gihitana bamwe gikomeretsa n'abandi mu bari bahakoraniye.

Ibi vyerekana impungenge z'umutekano zikihari n'ubwo Boko Haram imaze kuhavanwa.

Ingabo za Nigeria n'abo bafatanije bo mu karere, ntibafise gusa igikorwa co guhiga abo barwanyi.

Bajejwe kuraba n'uko akarere bakuyemwo Boko Haram gatekanye ku buryo abari barahunze bashobora gutaha.