Abaregwa imigumuko mu Burundi barengukijwe

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bamwe mu bagize uruhara mu myiyerekano baratawe muri yompi

Ishirahamwe riharanira uburenganzira bw'abanyororo mu burundi, APRODH, ritangaza ko rishima intambwe yo kuburanisha abakekwako ivyaha.

Ariko rikavuga ko hakiri igitigiri kinini c'abataburanishwa, bari mu mabohero aho bafashwe nabi.

Pierre Claver Mbonimpa, umuyobozi wa APRODH, yabwiye BBC ko mw' ibohero rikuru rya Mpimba hariyo abagera ku 500, abandi 100 ngo bari iMuranvya, nayo abagera kuri 21 bari iNgozi.

Avuga ko hari n'abandi bari mu busho bw'igipolisi hirya no hino mu gihugu.

Aprodh ivuga ko ari intambwe nziza ko hari abitavye, icifuzo ngo n'uko bobandanya bose bakumvirizwa.

Uno munsi abumvirijwe barengutse imbere y'abacamanza 3, mu ntumbero yo kwihweza niba boguma bapfunzwe canke bakarekurwa.

Nyo ku vyaha baregwa, bose ngo basomerwa icaha co kuja mu murwi w'abagumutsi, abo nabo ngo n'abagira imyiyerekano, nk' uko Pierre Claver Mbonimpa abivuga.

Aprodh ivuga ko hari ivyaha abapfunzwe bakorewe navyo vyari bikwiye kwitwarirwa, nko gukubitirwa mu busho.

Ikindi kandi ngo hari abantu bishwe barashwe n'igipolisi, ariko ugasanga ata bafatwa ngo bahanwe.

Imyiyerekano yatewe n'icemezo ca perezida Pierre Nkurunziza co kwiyamamaza gutegeka ku ncuro ya gatatu.