Ubugereki bushobora kuva muri Euro?

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Ubugereki ntibwemeranya n'ababuhaye ingurane ku gikwiye gukorwa

Ibanki nkuru y'Ubugereki igabisha ko hamwe hatoboneka umwumvikano imbere y'uko kuno kwezi kurangira, ico gihguu kizoca cinjira mw' idindira rikomeye ry' ubutunzi.

Urugero rw'amafaranga bwahora bwinjiza ngo rwogabanuka cane gose kandi n'ibigitigiri vy'abatagira akazi bikiyongera.

Umukuru w'umurwi w'abashikiranganji akarere gakoresha ifaranga rimwe Euro, Jeroen Dijsselbloem, avuga ko n'ubu bagiteye kubiri n' iciyumviro co guhebera amadeni Ubugereki.

Abo bashikiranganji bazohura ejo ku munsi wa kane, kugira abaganire ku buryo boshika ku mwumvikano imbere yo kuwa 30 z'ukwa gatandatu.

Kuri iryo sango niho ingingo zo kuramira ubutunzi bw'Ubugereki zizoba zirangije ikiringo.