FIFA: Umunyafrika ashaka gusubirira Blatter

Image caption Musa BIlity

Musa Bility, yatangaje uwo mugambi wiwe wo guhiganirwa ico kibanza co kuyobora FIFA, avuga ko hageze ko Afrika nyo ija ku buyobozi bw'isi mu mupira w'amaguru.

Uwo mugabo w'imyaka 48, abaye umuntu wa kabiri atangaje ko yifuza guhiganirwa ico kibanza inyuma y'umunya Brezil Zico.

Avuga ati 'twese turemeranya ko umupira w'amaguru uriko uca mu bihe bikomeye, rero indongozi nziza zibonekera mu bihe bigoye'.

Bility, yayoboye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Liberia kuva mu 2010, abaye umunyafriuka wa kabiri agaragaje ubushake bwo guhiganirwa ikibanza ku buyobozi bwa FIFA.

Uwurongoye uruni rw'amashirahamwe y'ibihugu y'umupira w'amaguru ku mugabane rwa Afrika, CAF, Isaa Hayatou, yarushijwe na Sepp Blatter mu matora yo mu 2002.

Kw'itariki zibiri z'uku kwezi, sepp Blatter ubu afise imyaka 79 , yatangaje ko agiye gutanga imihoho ku buyobozi bwa FIFA, hejuru y'ibirego vya ruswa mu bategetsi ba FIFA.